Integuro y'amafaranga u Burundi buzokoresha muri 2018 yemejwe

Inama nshingamateka y'u Burundi yemeje integura y'amafaranga azokenerwa mu 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inama nshingamateka y'u Burundi yemeje integura y'amafaranga azokenerwa mu 2018

Inama nshingamateka y'u Burundi uno munsi yemeje integuro y'amafaranga leta y'ico gihugu izokoresha mu mwaka uza wa 2018.

Ni amafaranga aruta gato ayakoreshejwe muri uyu mwaka ugiye kurangira wa 2017 mu gihe ubutunzi butitezwe kwiyongera cane co kimwe n' imfashanyo ziva hanze. Ririko ririgwa, hagarutse ikibazo co c'intererani abanyagihugu basabwa gutanga ku matora yo mu 2020 n'icamafaranga yo gutunga indege y'umukuru w'igihugu kandi ngo atawuzi ko ibaho canke ko ikora.

Muri rusangi, mu mwaka uza leta y'uburundi izokoresha amafaranga angana na miliyaridi hafi igihumbi n'amajana atatu na 88, azokwiyongera kane n'ibice bitandatu kw'ijana ku miliardi hafi igihumbi n'amajana atatu na 27 zari zitegekanijwe muri uyu mwaka ugiye kurangira.

Umushikiranganji w'ubutunzi Domitien Ndihokunbwyo yari gusigurira iyo nteguro abashingamateka yemeye ko vyagaragaye ko amafaranga agenewe ibisata bitandukanye yabaye make, asubira kubabwira ko n'ubu nyene bategerezwa gutahura ko ari ukubandanya batubika umukanda.

Iyo nteguro ihuriranye n'uko uwo mushikiranganji hamwe na mugenziwe w'intwaro yo hagati mu gihugu baherutse gusohora ingingo nshinkiranganji yo gusaba abanyagihugu gutera amatora yo mu 2020.

Hari abashingamateka babona ko atari intererano ahubwo ari agahato canke ,mbere ko bidakenewe mu gihe amafaranga y'amatora asanzwe ategekamnijwe muri iryo tegeko, mbere hari n'uwavuze ko ryaciye kubiri n'amategeko.

Umushiukiranganji Domitien Ndihokubwayo avuga ko ataco yicuza kuri iryo tegeko yashizeko umukono.

Hari kandi n'indege y'umukuru w'igihugu ivyankenerwa vyayo vyongewe amafaranga kandi bitazwi ko ibaho canke ko ikora.

Ministre Domitien Ndihokubwayo yemeza ko iyo ndege iriho kandi itwara amafaranga n'ubwo yoba itaguruka.

Iyo ndege yaherutse gushika mu Burundi mu 2016 ariko gushika ubu nta ngendo ikora.

Amafaranga leta y'uburundi itegekanya gukoresha mu mwaka uza azova mu gihugu hagati ku bice birenga 80 kw'ijana.

Bubaye umwaka ugira gatatu Uburundi butacerekeza cane amaso hanze kare bwahora busahirizwa mu mafaranga bukoresha buri mwaka gushika hafi kuri 50 kw'ijana.