Umunyeshure mu vy'amategeko yimwe diplome kubera hijab

Umwambaro hijab w'Abaislamukazi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umwambaro hijab w'Abaislamukazi

Umunyeshure yiga amategeko muri Nigeria yimwe urupapuro rw'umutsindo kuko yashimangiye kwambara umwitwikiro w'Abaislamukazi, hijab.

Yashaka kwambara iyo hijab munsi y'umwambaro abahabwa impapuro z'umutsindo bambara mu birori vyo kuzihabwa.

Umukuru w'igisata c'amategeko muri Nigeria yavuze ko uwo munyeshure yankiwe kwinjira mu nyubakwa ibirori vyaberamwo kuko atari yubahirije inyambaro isabwa.

Uwo munyeshure avuga ko uburenganzira bwiwe bwo gukurikiza ibisabwa n'idini ryiwe, bwahonyanzwe.

Ico kibazo cavugishije benshi ku mbuga hwaniro, bamwe bakamushigikira bavuga ko ari uburenganzira bwiwe kwambara hijab, abandi bakavuga ko yari akwiye kwubahiriza amategeko y'ishure.