Wari uzi ko hariho abantu batumva ububabare?

Kenshi ntibamenya ko amagufa yabo yavunitse canke mu gihe bariko baraturirwa n'umuriro kubera kutumva ububabare. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kenshi ntibamenya ko amagufa yabo yavunitse canke mu gihe bariko baraturirwa n'umuriro kubera kutumva ububabare.

Letizia Marsili w'imyaka 52 yamenye ko atandukanye n'abandi bantu ubwa mbere akiri muto.

Ntiyumva ububabare n'ingoga, bigasigura ko atumva ko ariko arasha canke kumenya ko yavunitse igufa mu mubiri.

Abo mu muryango wiwe batanu na bo nyene ni ko bari bameze ntibumva ububabare.

Letizia yabwiye BBC : " Ku musi ku musi tubaho mu buzima busanzwe, mbere nkeka mu buzima bwiza gusumba abandi, kubera ko twama tugwaye misi yose ariko ntitwumve ububabare.

"Ububabare n'aho twobwumva bumara amasegunda make cane."

Abahinga bavuga ko ivyo bitumwa n'uko udutsi nsozabwenge tudakora neza mu mubiri.

Abashakashatsi bapimye uwo muryango biteze ko amatohoza yabo azofasha abantu bagira ububabare burenze urugero mu misi iri imbere.

"Twuguruye inzira nshasha mu gutora imiti y'ububabare," ni ko Prof Anna Maria Aloisi wo kuri kaminuza ya Siena mu Butaliyano yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Letizia Marsili
Image caption Letizia Marsili afise abantu bo mu muryango wiwe batanu batumva ububabare

Kubera iki bumva ububabare buke cane?

Uwurongoye abashakashatsi Dr James Cox wo muri kaminuza ya College London, yavuze ko uwo muryango ifise udutsi nsozabwenge, ariko " ntidukora uko vyategerezwa".

Yavuze:"Turiko turagerageza gutegera gusumba igituma batumva ububabare, turabe ko ivyo bitodufasha gutora umuti mushasha w'ububabare."

Ubushakashatsi bw'abo bahinga buri mi kinyamakuru ca Brain bwarafashijwe n'uwo murango mu gushaka kumenya uko umubiri wabo umeze.

Marsili sydrome, ingwara yiswe izina ry'uwo murynago, bisigura ko umuntu yumva ububabare buke cane bw'umuriro, kuribwa n'ipilipili, kandi ntibumve ububabare amagufa yabo avunitse bitandukanye n'abandi bantu.