Afrika y'epfo: ANC iramutswa Cyril Ramaphosa

Nkosazana Dlamini-Zuma na Cyril Ramaphosa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters/AFP
Image caption Abahiganwa ni Nkosazana Dlamini-Zuma (ibubanfu) na Cyril Ramaphosa (iburyo)

Kuri uno wa mbere niho abaserukira umugambwe ANC muri Afrika y' epfo bemeza Cyril Ramaphosa nk' umukuru w'umugambwe uri ku butegetsi ANC.

Ico kibanza cahiganirwa aba kandida babiri, Cyril Ramaphosa, ari nawe cegera c'umukuru w'igihugu, na Nkosazana Dlamini-Zuma yahoze ari umushikiranganji w'imigenderanire, yabaye ndetse umukuru w'Ubumwe bwa Afrika.

Cyril Ramaphosa yarushije amajwi make cane uwo bahiganwa Nkosazana Dlamini Zuma.

Yaronse amajwi 2440, nayo Nkosazana Dlamini Zuma, aronka 2261.

Hagiye haboneka ibibazo vya ruswa biregwa bamwe mu bayobozi ba ANC, barimwo perezida Jacob Zuma ubwiwe.

Afurika y'Epfo: ANC iratora umuyobozi mushya w'ishyaka

ANC itewe amakenga n'aba Guptas mu vy'intwaro muri Afrika Yepfo

Kandi impande zishigikiye abo ba kandida babiri zari zihanganye cane ndetse abanyamakuru bavuga ko hagiyemwo no guterana ubwoba, ku buryo abanyamakuru bibaza nimba abaza gutsindwa bashobora kwemera ibiva muri ayo matora.