Amerika yagiriza Korea ya ruguru gukora virisi ya WannaCry

White House Homeland Security adviser Tom Bossert speaks to reporters about the global WannaCry "ransomware" cyber attack in May Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umuhanuzi wa prezida Trump Thomas Bossert yavugiye ivyo mu kinyamakuru ca Wall Street Journal.

Ubutegetsi bwa Amerika buvuga ko Korea ya ruguru yagize uruhara rugaragara mu gukoresha virisi ya WannaCry yateye mu bitaro, mu budandaji no mu mabanke kw'isi yose mu ntango y'uwu mwaka.

Bivugwa ko iyo virisi yateye mu makompanyi arenga 300.000 mu bihugu 150 ituma haba agahombo k'amamiriyaridi y'amadolari.

Korea ya ruguru: Uburusiya bwagiriza Amerika gusotora Kim Jong-un

Umuhanuzi wa prezida Trump Thomas Bossert yavugiye ivyo mu kinyamakuru ca Wall Street Journal.

Bubaye ubwa mbere Amerika yagiriza Korea ya ruguru iyo virisi.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Inyabwonko zikoresha Windows zaratewe n'iyo virisi zica zirugarwa, abazikoreshwa bakaba basabwa kuriha amahera kugira basubire kuronka ivyarimwo.

Umuhanuzi wa Trump m'uvyo umutekano mu gihugu yavuze ko ivyo abivuga yishimikije ibimenyetso bihari.

Reta y'Ubwongereza hamwe na kompanyi y'inyabwonko ya Microsoft baragirije Korea ya ruguru iyo virisi.

Amerika isaba isi yose guhagarika urudandaza na Korea ya ruguru

Mu kwezi kwa gatanu inyabwonko zikoresha Windows zaratewe n'iyo virisi zica zirugarwa, abazikoreshwa bakaba basabwa kuriha amahera kugira basubire kuronka ivyarimwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu kcna/afp
Image caption Korea ya ruguru nta co iravuga kuri ivyo yagirizwa