Igisirikare ca Saudi casambuye "missile" yaritewe i Riyadh

Igisasu catewe caturikirijwe hejuru y'igisagara ca Riyadh Uwufise ububasha kw’isanamu ALMASIRAH
Image caption Igisasu catewe caturikirijwe hejuru y'igisagara ca Riyadh

Urunani rwa gisirikare rurongowe na Arabie Séoudite rwavuze ko rwasambuye igisasu co mu bwoko bwa "missile" cari gitewe kiganishwa i Riyadh, umugwa mukuru w'ico gihugu.

Humvikanye urwamo rw'ikintu gituritse muri ico gisagara.

Imbere yaho, inyeshamba z'aba Houthi ziri mu gihugu ca Yemen zavuze ko zateye roketi yarigiye gusambura imwe mu ngoro zo mu gisagara ca Riyadh.

Aba Houthi bamaze igihe bagwanya urunani rwa gisirikare rurongowe na Arabie Séoudite rushigikiye leta ya Yemeni muri kino gihe c'ingwano.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abagwanyi b'aba Houthi

Izo nyeshamba -- zishigikiwe n'igihugu ca Irani -- zarateye mu kwezi guheze igisasu co mu bwoko bwa "missile" zigitumbereza mu gisagara ca Riyadh.

Ubutegetsi bwa Saudi buvuga ko bufata ico gitero nk'agasomborotso k'abanya Irani.