Myanmar: Hubuwe ibinogo vy'abantu bahambwe ikivunga

Mu mpunzi z'aba Rohingya harimwo igitigiri kinini c'abana
Image caption Mu mpunzi z'aba Rohingya harimwo igitigiri kinini c'abana

Igisirikare ca Myanmar cavuze ko kiriko kiratohoza ku bantu bishwe bahambwa ikivunga mu ntara ya Rakhine iri mu buraruko, aho Onu yagiriza ubutegetsi kuba bwarakoze ubwicanyi kuba Islamu b'aba Rohingya.

Mw'itangazo ryacishijwe kuri Facebook y'uwurongoye ingabo, Jenerali Min Aung Hlaing, rivuga ko hari ibiziga vy'abantu bataramenyekana vyatowe mu kaburi ko mu kigwati ca Maungdaw, kamwe mu turere twibasiwe n'ubwicanyi.

Iryo tangazo ntirivuga igitigiri c'ivyo biziga hamwe n'imiryango canke amoko baturukamwo.

Rirongera rikavuga ko hazofatwa ingingo zikomeye z'ubutungane, igihe hoba hari umusirikare yoba yabigizemwo uruhare.

(Umuryango w'abaganga batagira imbibe, "Doctors Without Borders",wavuze ugereranya mu ndwi iheze ko aba Rohingya 6700 bishwe mu kwezi kwa mbere ubwicanyi butanguye, igihe igisirikare kigabiye igitero mu kwezi kw'umunani ku bantu biketswe ko ari abagwanyi b'aba Islamu).