Woha umwana wawe amaberebere wakamiwe n'uwo utazi?

Guhana maberebere Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abavyeyi baharugwa mu bihumbi barahana amaberebere bidaciye mi minwe y'igisata c'amagara y'abantu

Igisata c'amagara y'abantu mu Bwongereza kiriko kigerageza gutanga umurongo ngenderako ku bavyeyi basangira amaberebere batabifashijwemwo n'igisata c'amagara y'abantu NHS.

Hari abahinga bibaza ko ukwo gufashanya gushobora gutuma abavyeyi bahanduriza abana bahabwa ayo maberebere ingwara zimwe zimwe nka SIDA na Hepatite.

Ariko ababashigikiye bavuga ko babikora bafise amakuru ahagije ku buryo bikingira izo mpungenge.

Bex Poole ntanywa amata y'inka. Amaze kuvyara umwana agakomeza guta ibiro kuko atahembera kandi atari bumuhe amata y'ifu, yatanguye guhangayika.

Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Bex Pool ntanywa amata y'inka kandi ntiyifuza guha umwana ikindi atari amaberebere

Ariko yahuye n'umugenzi amubwira ko ashobora kuronka uwundi muvyeyi amuha amaberebere aciye kuri Facebook.

Sarah McHugh, nawe yari asanzwe yonsa ariko akagira amaberebere menshi ku buryo yarinda kuyikama.

Abo bavyeyi bahujwe n'ico gikorwa co guhana amaberebere, Poole akama aja gutora amacupa y'amaberebere ya McHugh, akayashingura muri firigo iwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Sarah McHugh yakama buri munsi amaze kwonsa umwana kubera ubwinshi bw'amaberebere

Ariko hari abaganga bafise impungenge kuri ico gikorwa co guhana amaberebere hagati y'abavyeyi ubwabo, atarinze gufatwa no gusuzumwa n'igisata c'amagara y'abantu.

Abo bavyeyi bavuga ko bagendeye ku kwizigirana hagati y'abo, bafatiye ku bibazo Poole yabajije uwo muvyeyi yamuha amata, akamubwira ko ata tabi anywa, ata kibazo c'amagara afise kandi asanzwe atanga amaberebere yiwe no mu bitaro biyakeneye.

Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Sarah McHugh ngo yasanze amaze kubika amaberebere menshi ku buryo yahisemwo guhako Bex

Inyishu za McHugh zatumye Poole amugirira icizere, akavuga ko atibaza ko hari umuvyeyi yobesha mugenziwe akamuha amaberebere kandi azi neza ko afise ikibazo.

Urubuga rwa Facebook ruraha impanuro abakoresha ubwo buryo bwo guhana amaberebere, bakaganira ku bibazo vy'amagara yabo, ivyo kunywa inzoga canke itabi.

Bashobora ndetse no gupimisha amata baba bahawe hamwe boba bafise amakenga, kandi bagasaba ikopi y'ivyavuye mu bipimo vyo kwa muganga.

Ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS, rihimiriza abavyeyi kurondera amaberebere avuye ku bandi bavyeyi iyo badashoboye kwonsa bonyene, aho gukoresha ubundi bwoko bw'amata, nk'uko bivugwa na muganga Sally Dowling wo kuri kaminuza ya West of England.

Ariko rero ngo abavyeyi baja muri ivyo baba baravyize neza, bagakurikirana uko ibintu vyifashe, nko kuraba ko uwuyabahaye yayakamye yakaravye neza intoke, n'ibindi.

Ikigo kijejwe gucungera ubuziranenge ku bifungurwa co kivuga ko atari vyiza guhana amaberebere ataciye kwa muganga.

Ibigo vyegeranya ayo maberebere vyovyo bibikora ku gatwe kavyo, ariko ngo ntibironka ayakwiye.

Risaba ko hoboneka uburyo abifuza gutanga amaberebere boyatanga aho baherereye bitabagoye kandi abayakeneye bakayaronka mu buryo buciririkiye.