Uganda: Museveni ashobora gusubira kwitoza mu 2021

Perezida Yoweri Museveni azoba afise imyaka 77 igihe c'amatora akurikira Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Yoweri Museveni azoba afise imyaka 77 igihe c'amatora akurikira

Inama nshingamateka ya Uganda yemeje ihindugwa ry'ibwirizwa shingiro rizotuma umukuru w'igihugu wubu ashobora kurongora igihugu ku kiringo ca gatandatu.

Inyuma y'impari z'iminsi itatu, abadepite batoye ku bwinshi, bakuzaho itegeko risaba ko uwipfuza kwitoza kurongora igihugu atorenza imyaka 75.

Bisigura ko perezida Yoweri Museveni afise ubu imyaka 73 kandi amaze gutwara imyaka irenga 30, ashobora kwitoza mu 2021.

Inteko ya Uganda yongeye guhagarara

Itegeko ry'ibiringo bibiri ryarakuwe mu 2005, kugira ngo Museveni ashobore gutwara igihugu ku kiringo ca gatatu.

Abamushigikira bavuga ko abaganda bashobora kumukura ku butegetsi biciye mu matora.

Abashingamateka bo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi baciye basohoka bava muriyo nama, batandatu barahagarikwa mu kuba biyamirije iryo tegeko.