Umuliyoni w'abanya Yemeni bagwaye kolera

Ico kiza cageze kw'isonga mu kwezi kwa gatandatu igihe abantu 50000 bafatwa mu ndwi imwe Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ico kiza cageze kw'isonga mu kwezi kwa gatandatu igihe abantu 50000 bafatwa mu ndwi imwe

Ishirahamwe ry'abatabazi b'umusalaba utukura "International Red Cross" (ICRC), ryavuze ko abantu bikekwa kuba bafashwe na kolera boba bashika umuliyoni.

ICRC yavuze kw'ico gitigiri casongeye isibe ku gihugu gisanzwe kibabaye kubera ingwano, aho ibice 80% vy'abanyagihugu batagira ico bafungura, babuze ibitoro, amazi meza n'imiti.

Igisata ca Onu citaho amagara y'abantu "Organisation Mondiale de la Santé" (OMS) kivuga ko niburiburi abantu 2226 bamaze guhitanwa n'ico kiza.

Ingwano hagati y'inteko ziyoboka Perezida Abdrabbuh Mansour Hadi, zishigikiwe n'urunani rwa gisirikare rurongowe na Arabie Séoudite, n'inyeshamba z'aba Houthi, imaze guhitana abantu barenga 8670 kuva mu kwezi kwa gatatu mu 2015.

Igisata c'amagara y'abantu co muri Yemeni ntikirashobora gusubiza hasi ico kiza, mu gihe igice c'amavuriro yononekaye kubera intambara.

Ibitaro bisigaye navyo nta miti bifise, amazi, ibitoro canke ibindi bikoresho bitewe nuko urunani rurongowe na Arabie Séoudite rwazibiye imihora ibidandazwa biva hanze vyacamwo, mu ntumbero yo kubuza kw'inyeshamba z'aba Houthi zirungikigwa ibigwanisho.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imiliyoni 16 z'aba Yemeni ntizironka amazi meza

Ingwano yatumye abantu imiliyoni 16 babura amazi meza, ivyo bituma kolera yiyongera.

Abana hafi imiliyoni 2 barimwo 400000 bafise imyaka iri munsi y'itanu ntibafungura neza.