Umuriro wishe 29 mu nyubakwa y'ikarashishi muri Korea Yepfo

Abantu benshi batabawe bacishijwe kw'idari Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abantu benshi batabawe bacishijwe kw'idari

Umuriro wishe abantu 29 abandi benshi barakomereka, mu nyubakwa y'ikarashishi muri Korea Yepfo.

Uwo muriro wahereye mu vyumba biri mu kuzimu vy'inyubakwa y'igorofa umunani, mu gisagara ca Jecheon kiri mu bumanuko bw'igihugu.

Amasanamu ya video yerekana umwotsi wirabura igihe uwo muriro, muri kino gihe wazimijwe, utandukiriye iyo nyubakwa.

Benshi mu bahagiriye ivyago bakwamiye mu cumba co kwiyubikiriramwo (sauna) co kw'igorofa ya kabiri.

Ubutegetsi buvuga ko igitigiri c'abapfuye gishobora kwiyongera, mu gihe abazimya umuriro bakiriko bararondera abo wahitanye.

"Uwo muriro wateye imyotsi ibangamira amagara, bituma abantu benshi vyanka ko bahava," niko umuvugizi w'ikigo c'igihugu kigwanya umuriro "National Fire Agency" yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Uwo muriro watanguriye mu vyumba vyo mu kuzimu

Abantu 20 batabawe bacishijwe kw'idari bamaze guhunga uwo muriro.

Benshi mu bacitse kw'icumu batwawe mu bitaro, niko ubutegetsi bwavuze.

Abazimyamuriro 60 bari muri ico kibanza kiri ku birometero 168 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Seoul, niko bwabandanije buvuga.

Umwotsi mwinshi wahagaritse igikogwa c'ubutabazi, nkuko ubutegetsi bwabishikirije.