Catalogne: Abashigikiye kwiyonkora batsinze amatora

Imigambwe ishigikiye ukwiyonkora kw'intara ya Catalogne kuri Espagne batahukanye intsinzi mu matora yaraye abaye. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imigambwe ishigikiye ukwiyonkora kw'intara ya Catalogne kuri Espagne batahukanye intsinzi mu matora yaraye abaye.

Imigambwe ishigikiye ukwiyonkora kw'intara ya Catalogne kuri Espagne batahukanye intsinzi mu matora yaraye abaye.

Mu gihe bimirije guheza guharura amajwi, bigaragara ko imigambwe yipfuza kwiyonkora ari yo iza imbere n'aho yatakaje intebe mu nama nshingamateka.

Ibivuye muri ayo matora uko biri kose si inkuru nziza ku mushikiranganji wa mbere wa Espagne Mariano Rajoy yaburijejwe ubwigenge bw'iyo ntara anahamagaza ayo matora.

Abategetsi ba Catalogne birukanywe bahamagawe muri sentare

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uwahoze ari umukuru wa Catalogne, Carles Puigdemont ari mu buhungiro mu gisagara ca Bruxelle

Aho ari mu buhungiro mu gisagara ca Bruxelles, uwahoze arongoye intara ya Catalogne, Carles Puigdemont yashimye ivyavuye muri ayo matora, avuga ko ari intsinzi ya demokrasi kuko abantu benshi bayitavye, ko igitigiri c'abatoye ari co catumye haboneka amajwi menshi kandi ko atawushobora guhakana ivyayavuyemwo.

Imyiyerekano yo kwifadikanya n'abapfunzwe muri Catalogne

Ariko inyuma y'ayo matora, ikibazo gikomeye n'uko ihagati y'izo mpande zibiri n'uko atawokwemeza ko ayo matora n'ivyayavuyemwo bishobora gutorera inyishu amatati ari hagati y'intara ya Catalogne na reta ya Madrid.