Palestine yahamagaje uwayiserukira muri Pakistani

Ikarata yerekana akarere ka Palestine
Image caption Ikarata yerekana akarere ka Palestine

Ubutegetsi bwa Palestine buvugwa ko bwahamagaje uwubuserukira mu gihugu ca Pakistani, inyuma yaho Ubuhindi bumwiyamirije abantu bamubonye mu gikorane ari kumwe n'umwe mu ndongozi z'aba Islamu yagirizwa ubwicanyi bw'i Mumbai mu 2008.

Ku mafoto yashizwe ku mbuga hwaniro, ubona Walid Abdul Ali yicaye iruhande ya Hafiz Saeed, umunya Pakistani azwi mu bikogwa vy'iterabwoba n'ubutegetsi bwa Delhi na Washington, mu gikorane cabaye ku munsi wa gatanu ahitwa Ralwalpindi.

Ico gikorane catunganijwe mu ntumbero yo kugondoza leta ya Pakistani ngo itunganye ikoraniro, inyuma yaho Prezida Trump afatiye ingingo yo kwemera ko Yeruzalemu ari umugwa mukuru wa Israeli.

(Bwana Saeed ari mu batanguje Lashkar-e-Taiba, umugwi w'abagwanyi uzwi ko ariwo uri inyuma y'ibitero vy'i Mumbai, vyahitanye abantu 160. We arabihakana).