Irani: Abiyamiriza ubutegetsi bagabishijwe guhanwa bikomeye

Abanyeshuli bari mu bitabiye iyo myiyerekano Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abanyeshuli bari mu bitabiye iyo myiyerekano

Igisirikare gifasha kwubahiriza idini rya Islamu "Iran's Revolutionary Guards" caburiye abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi ko bazohanwa bikomeye imigumuko barimwo ni yabandanya.

Iyo myiyerekano imaze iminsi itatu itanguye yatewe n'ibibazo bijanye no kwibeshaho bihanze abanyagihugu.

Uwurongoye ingabo za "Revolutionary Guards" yavuze ko iyo myiyerekano yahavuye ivamwo ukuririmba indirimbo zityoza ubutegetsi hamwe no guturira amatungo y'abanyagihugu.

Ni imyiyerekano ya mbere yahagurukije abantu benshi kuva igihe c'iyo guhindura ingendo mu 2009, bivugwa ko hari abantu babiri bamaze gupfa.

Abari mu myiyerekano mu bisagara vya Khoramabad, Zanjan na Ahvaz, basaba ko kizigenza mukuru w'idini rya Islamu, Ayatollah Ali Khamenei, yokwicwa canke agakugwa.

Umugwi "Iran's Islamic Revolutionary Guards Corps" ni umugwi ukomeye cane ukorana na kizigenza mukuru w'idini rya Islamu, ufasha kwubahiriza intwaro ishingiye kw'idini rya Islamu.

Umu Jenerali Esmail Kowsari yabwiye ikinyamakuru ISNA ati: "Iyo abantu bihaye amabarabara kubera iduga ry'ibiciro, ntibari bakwiye gusohora ivyivugo biraho canke ngo baturire amatungo n'imodoka vy'abanyagihugu."

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati yaburiye abanyagihugu avuga ko abari mu myiyrekano bazobibazwa.

"Abonona amatungo y'abanyagihugu, bagatera akajagari canke bakarenga amategeko, bazobazwa ku bijanye n'iyo nyifato bongere barihe ivyononekaye," niko Abdolreza Rahmani-Fazli yavuze.

"Iyo migumuko hamwe n'iterabwoba, amaherezo bizogwanywa."