RD Congo: Imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Kabila

Ikiringo ca Prezida Kabila carangiye mu kwezi kwa 12 kwo mu mwaka uheze ariko aracari ku butegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ikiringo ca Prezida Kabila carangiye mu kwezi kwa 12 kwo mu mwaka uheze ariko aracari ku butegetsi

Abajejwe umutekano muri Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) barekuye ivyuka bibaba, bashwiragiza abanyagihugu bari mu myiyerekano ku mugwa mukuru Kinshasa, basaba Prezida Kabila ngo ave ku butegetsi.

Ayo makimbirane yabereye hanze y'isengero, aho abari mu myiyerekano bari biteguye kwiyunga n'abandi mu rugendo rwahamagajwe n'imigwi itandukanye irimwo abo muri Ekleziya Gatolika.

Ubutegetsi bwari bwagabishije buvuga kw'iyo myiyerekano itarekuriwe.

Leta yategetse ko umuhora wa "internet" wugagwa.

Iyo myiyerekano yahamagajwe mu ntumbero yo gusaba Prezida Joseph Kabila ngo ave ku butegetsi imbere y'amatora, hisunzwe amasezerano yapfunditswe n'abanyepolitike mu mwaka uheze.