Korea y'epfo isaba ibiganiro vyo mu rwego rwo hejuru na Korea ya ruguru

Olympic rings carved in snow in Hoenggye near the Winter Olympics site in Pyeongchang Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ni abanonotsi babiri gusa ba Korea ya ruguru batsindiye kuja mw'ihiganwa rizobera muri Korea y'epfo mu gihe c'imbeho.

Korea y'epfo yateye akamo ko hoba ibiganiro vyo mu rwego rwo hejuru na Korea ya ruguru itariki icenda z'uku kwezi ngo bavugane nimba bishoboka ko ico gihugu citaba ihiganwa ryo mu gihe c'imbeho ryo mu 2018.

Ivyo ibivuze inyuma y'aho umukuru wa Koreya ya ruguru Kim Jong-un avugiye ko ariko ariyumvira kurungika umugwi w'abanonotsi guhiganwa muri Korea y'epfo muri uku kwezi kwa mbere.

Yavuze ko ivyo bihugu bibiri bikeneye kubonana vyihuta kugira bivugane uko ico gihugu gishobora kuja muri iryo higanwa.

Umusirikare wa Korea ya ruguru yahungiye muri Korea y'epfo

Imbere y'aho, prezida wa Korea ya ruguru yari yavuze ko abibonamwo nk'akaryo ko gusubiza itoto imigenderanire y'ivyo bihugu bibiri imeze nabi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukuru wa Koreya ya ruguru Kim Jong-un avuga ko ariko ariyumvira kurungika umugwi w'abanonotsi guhiganwa muri Korea y'epfo muri uku kwezi kwa mbere.

Umushikiranganji wa Korea y'epfo ajejwe imigenderanire Cho Myoung yipfuje ku wa kabiri ko abaserukira ivyo bihugu bohurira mu kigwati ca Panmunjon.

Ico kigwati kiei mu karere gacunzwe cane ka DMZ ku rubibe, ni ho hahora habera ibiganiro hagati y'ivyo bihugu bibiri.

Korea ya ruguru: Ibihano vya Onu n'agasomborotso k'intambara

Ntiharamenyekana amazina y'abazoja muri ivyo biganiro vy'itariki icenda z'ukwezi kwa mbere, kandi na Korea ya ruguru nta co irabivugako.

Ibiganiro vyo mu rwego rwo hejuru hagati y'ivyo bihugu bibiri vyaheruka mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2015 mu karere ivyo bihugu bisangiye ka Kaesong.

Vyarangiye ata co bashitseko hatanatangajwe n'ivyo bariko baravuganako.