Lissu asaba amakungu gufasha mu matati muri Tanzania

Tundu Lissu

Umushingamateka w'umugambwe utavuga rumwe na reta muri Tanzania Chadema, Tundu Lissu, yavuze ko ibimenyetso vyerekana abashatse kumwicira mu gisagara ca Dodoma mu mwaka uheze bafitaniye isano na reta y'ico gihugu.

Lissu yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru ubwa mbere kuva yinjiye ibitaro, yagirije reta ya prezida John Magufuli gukandamiza abatavuga rumwe na reta.

Avuga ko ata nkeka ko igitero yagizweko cari gifise intumbero yo kumucecekesha kubera yama yaneguye reta.

Ivyo Lissu yabishikiririje mu bitaro vy'i Nairobi aho amaze amezi ane ariko aravurwa.

Uwo mushingamateka wo mu burengero bw'intara ya Singida yahamagariye amakungu gufasha mu matati ya politike mu gihugu ca Tanzania ngo kuko ibintu vyinshi vyahindutse cane.

Tanzania: Tundu Lissu yarashwe

Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi arafunzwe kuvyo yavuze kuri Prezida Magufuli

Lissu avuga ko gushika ubu ata matohoza nyezina arakorwa ku gitero bamugizeko itariki 7 z'ukwezi kw'indwi mu mwaka uheze.

Avuga kandi ko, n'aho prezida John Magufuli yagize ico avuga kuri ico gitero ku rubuga rwa twitter, akanatuma icegera ciwe Samia Suluhu Hassan, atarigera agira ico avuze ku mugaragaro kuri ico gitero.