Deneuve: Abagabo barafise uburenganzira bwo 'gukubita' abagore

Catherine Deneuve Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Catherine Deneuve yakinye mu mafilime arenga 100 mu myaka irenga mirongo ibiri

Umukinyi wa filime Catherine Deneuve yavuze ko abagabo botegerejwe 'kuronka uburenganzira bwo gukubita' abagore.

Ni umwe mu bapfasoni 100 b'abafaransa banditse ikete bagabisha ko hashobora abigira 'nta gatosi' inyuma y'ibiherutse kuvugwa vyerekeye ikubagurwa rifatiye ku gitsina.

Iryo kete ryiyamiriza ukuregana kwadutse inyuma y'ivyavuzwe ko umukinyi wa filime wo muri Amerika Mogul Harvey Weinstein yafashe ku nguvu abapfasoni.

Lupita Nyongo avuga ko Weinstein yamuhohoteye vy'igitsina

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Rurangiranwa wa Hollywood, Harvey Weinstein, yagirijwe gushohotera abagore

Umugwi w'abaharanira agateka k'abakenyezi mu Bufaransa biyamirije iryo keta bagiriza abarishizeko umukono gushaka gufata minenerwe amabi akorerwa abakenyezi.

Weinstein yarahakanye ivyo yagirizwa ko atigeze aryamana n'uwo batavyumvikanye, ariko yemera ko inyifato yiwe "yababaje benshi".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Harvey Weinstein yarahagaritswe mu rwego rutanga ubushimwe bwa Oscars (Academy of Motion Picture Arts and Sciences)