Uganda ivuga ko itazokurikiza ingingo ya HCR ku mpunzi z'Abanyarwanda
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Uganda ivuga ko itazokurikiza ingingo ya HCR ku mpunzi z'Abanyarwanda

Inyuma y'iminsi icumi, impunzi z'Abanyarwanda zahunze kuva mu mwaka w'i 1959 kugeza mu 1998, zikuriweho ubuhunzi n'icemezo c'ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi, HCR, leta ya Uganda ivuga ko itazokurikiza iyo ngingo.

Ubutegetsi bwa Uganda buvuga ko bufise impunzi zishika ku bihumbi cumi n'umunani (18.000) zakomeje kuza mu gihugu na nyuma y'iyo myaka HCR ivuga.

Leta ya Uganda iravuga ko yatangiye gutegura uburyo yaha ubwenegihugu abo Banyarwanda bari ku butaka bwayo.

Mugenzi wacu Laurent Martin Harimenshi yavuganye n'umushikiranganji wa Uganda ashinzwe impunzi, Musa Ecweru.