Afrika yakurira Trump gusaba ikigongwe

Bwana Trump arakana kuba yakoresheje amajambo avugwa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bwana Trump arakana kuba yakoresheje amajambo avugwa

Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika wasavye umukuru w'igihugu ca Amerika Donald Trump gusaba ikigongwe, inyuma yaho avugiye kw'ibihugu vyo kuri uwo mugabane ari ibihugu vy'umwanda.

Ubuserukizi bw'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika i Washington DC uvuga ko "waguye mu gahundwe ucika n'inkokora" wongera uvuga ko ubutegetsi bwa Trump budategera neza abanyafrika.

Prezida wa Amerika yashikirije ayo majambo ku munsi wa kane, mu nama yo kwihweza ikibazo c'abimukira.

Ariko bwana Trump arakana kuba yakoresheje ayo majambo yagirizwa.

Yarashigikiwe n'abantu babiri bo mu mugambwe w'aba Républicains bari muri iyo nama yabera mu biro vy'umukuru w'igihugu White House, ariko umukenguzamateka w'umu Démocrate Dick Durbin yavuze ko Bwana Trump yise ibihugu vya Afrika "imyobo y'amazirantoke" incuro nyinshi kandi akoresha imvugo y'ivangura.

Ku munsi wa gatanu, Bwana Trump yarungitse ubutumwa ku buryo bwa Twitter ko yakoresheje imvugo "ikomeye" mu nama yo mu mwiherero yagiranye n'abashingamateka hamwe n'abakenguzamateka ku kibazo c'abimukira.

Yongeye avuga ko amajambo aregwa "atariyo mvugo yakoresheje".