Impungenge z'umugera mu mata ya Lactalis

Ibihingurwa na Lactaris bituruka mu ruganda Celia nivyo bikekwa ko vyahumanye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Akamo ko kuvana ayo mata ku masoko katewe mu kwa 12, abadandaza bakirengagiza bashobora gucibwa ihadabu

Miliyoni zigera kuri cumi na zibiri z'amata akorerwa mw'ihinguriro ry'Abafaransa Lactalis, yakuwe ku masoko inyuma yo kubona umugera wo mu bwoko bwa Salmonella mu bituruka muri iryo hinguriro.

Umuyobozi nshingwabikorwa w'ihinguriro Lactalis, Emmanuel Besnier, yemeza ko hari impungenge zijanye n'ikoreshwa ry'ayo mata, yatanguye gukurwa ku masoko kuva mu kwezi guheze.

Mu bavyeyi bavuze ko abana babo baguwe nabi n'ayo mata, bamwe baramaze gutanga ibirego.

Umuvugizi w'iryo shirahamwe yabwiye BBC ko ibihugu vyose bikekwa ko vyashowemwo ayo mata, ku migabane ya Bulaya, Aziya, Amerika y'amaj'epfo na Afrika, Leta zunze Ubumwe za Amerika na Australia, vyose vyamaze kugabishwa.

Lactalis ni rimwe mu mashirahamwe akomeye kw'isi, ahingura amata, rifise inganda zigera ku 246 mu bihugu 47.

Mu Bufaransa honyene rikoresha abakozi 15 000, naho kw'isi bagera ku 75 000.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption Lactalis rifise abakozi 75 000 mu bihugu 47, bimwe mu bihingurwa naryo vyakuwe ku masoko

Rimaze gutera akamo incuro zitatu rimahagarira badandaza amata n'ibindi bifungurwa rihingura kubikura ku masoko, ivyo navyo birimwo ivyo mu bwoko bwa Picot, Milumel and Taranis.

Uwufise ububasha kw’isanamu SPL
Image caption Umugera wa Salmonella utera gucibwamwo n'umwumira ushobora gukarira cane abana

Umugera ya Salmonella utera kuribwa mu nda, gucisha epfo na ruguru ndetse n'umwumira.

Abamaze kumenyekana ko bahuye n'ingaruka z'ayo mata bagera ku 35 mu Bufaransa honyene, ariko hari n'uwundi yafashwe muri Espagne.

Iryo hinguriro ryemera ko hari ibirego vyatanzwe kandi ko ryiteguye gukorana n'abazogira itohoza rikanashumbusha abahuye n'ingaruka z'ayo mata.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibinyamakuru vyo mu Bufaransa vyemeza ko ikigo Celia ca Lactalis cari casuzumwe mu kwezi kw'icenda

Uwo mugera bikekwa ko woba waturutse mu kigo Celia c'iryo hinguriro kiri ahitwa Craon, mu buraruko bushira uburengero bw'Ubufaransa.

Leta y'ubufaransa yamenyesheje ko ibituruka muri iryo hinguriro bitemerewe kugurishwa kugeza igihe kitaramenyekana mu gihe itohoza rikibandanya.

Leta yagabishije kandi Lactalis ko rishobora gucibwa amande kubera uburyo ryavyitwayemwo muri ico kibazo.

Abandi bagabishijwe n'abadandaza bakomeje kugurisha ayo mata n'ibindi bifungurwa vya Lactalis mu mangazini.