Burundi: Abana bahambwe igice babona bazira kwiba ibigori

Uwahanvye abo bana n'ubu aracidegenvya Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Abana babiri bahambwe igice c'umutumba, barakubitwa

Igipolisi mu Burundi kiriko kirarondera umuntu yoba yarahanvye abana babiri babona kugeza mu gikiriza, abaziza ko bamusoromeye ibigori.

Ivyakorewe abo bana bahambwe babona igice c'umutumba, mu mpera z'indwi iheze, biza kumenyekana ari uko amafoto yabo akomeje guhererekenywa ku mbuga za internet.

Ivyo vyabareye ku musozi wa Nyamabere muri commune Mpanda y'intara ya Bubanza.

Nyene kubahamba babona, bivugwa ko ari nyene umurima bariko bacamwo ivyo bigori.

Abo bana batabawe n'ababanyi barengutse aho yariko arabakubita nawe agaca ahunga.

Si ubwa mbere mu Burundi, abana bahohotewe muri ben'ubwo buryo, bazira kwiba ibigori mu murima.

Hari abahungu babiri baciwe igikonjo c'ububanfu, babikorewe n'abandi bana b'imiyabaga, bazira nabo nyene kwiba ibigori.

Abagiriwe n'ico caha bahawe igihano kiri hagati y'imyaka ine na 20 hamwe n'ihadabu ya miriyoni zine.