Ingene isoko ry'abakinyi ryifashe i Buraya itariki 17.01.2018I

Andy Carroll Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Andy Carroll

Umugwi wa Chelsea bagiriraniye ibiganiro na West Ham ku mukinyi w'imbere Andy Carroll w'imyaka 29. (Telegraph)

West Hama basaba imiliyoni 20 kuri uwo mukinyi Carroll. (Sky Sports)

Umukinyi wo hagati wo muri Armenia, Henrikh Mkhitaryan w'imyaka 28 avuga ko bamwongerera umushahara kugira ave mu mugwi wa Manchester United aje muri Arsenal. (Mirror)

Vyitezwe ko Everton iheraheza amasezerano yo kugura umukinyi w'imbere wa Arsenal Theo Walcott, ku musi wa gatatu. (Liverpool Echo)

Umukinyi w'imbere wa Gabon Pierre-Emerick Aubamiyang w'imyaka 28 ariko arasaba umugwi wiwe wa Borussia Dortmund kugira umureke aje gukina muri Arsenal. (Mirror)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pierre-Emerick Aubameyang

Umukinyi wo hagati wa Arsenal n'Ubwongereza Jack Wilshere w'imyaka 26, azorangiza amasezerano yiwe muri uyu mwaka ni ngombwa ko apimwa kandi yemere ko umushahara wiwe ugabanuka ku bice 20 kw'ijana kugira abandanye gukina muri uwo mugwi. (Sun).

Barcelone yaranse imiliyoni 22.2 z'amapawundi ya Inter Milan ku mukinyi w'umunya Brezil w'imyaka 24 Rafinha kubera bamushakako imiliyoni 35.5.

Cardiff bagiriraniye ibiganiro na Bournemouth yo kugura umukinyi Lewis Grabban w'imyaka 30.(Bournemouth Echo)

Umukinyi w'imbere wa Manchester United Henrikh Mkhitaryan w'imyaka 28, arigenga ku buryo ashobora kuja mu mugwi wa Arsenal. (Mirror).

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Arsene Wenger

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger afise amakenga yo kugura umukinyi akunze gutwarwa n'agashavu wa Borussia Dortmund Pierre-Emerich Aubameyang. (Star)

Tottenham ni umwe mu migwi irondera umukinyi wa Norwich, James Maddison w'imyaka 21. (London Evening Standard)

Umukinyi wo hagati wa Liverpool na Serbia Marko Grujic w'imyaka 21, ashaka gutizwa n'umugwi wiwe Cardiff City muri Middlesbrough. (ESPN)

Umukinyi wa Southampton Manolo Gabbiandini w'imyaka 26, ashaka gusubira muri umwe mu migwi yahoze akinamwo ya Bologna. (Sky Italia, via Talksport)

Tottenham ni umwe mu migwi ishaka kugura umukinyi wo hagati wa Norwich City, James Maddison. (Evening Standard)

Fulham na yo iriko iraganira n'umukinyi w'umunye Argentine Sebastian Leto w'imyaka 31. (Daily Mail)