Ethiopia: Umunyapolitike akomeye yarekuwe

Abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Oromo ari nabwo bunini mu gihugu, nibo baja imbere muri iyo myiyerekano Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Oromo ari nabwo bunini mu gihugu, nibo baja imbere muri iyo myiyerekano

Ubutegetsi bwa Ethiopia bwamenyesheje ko bwarekuye umunyapolitike wo mu mugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi yaramaze umwaka urenga apfunzwe.

Irekugwa rya Merera Gudina -- arongoye umugambwe "Oromo Federalist Congress" -- rikurikiye utwigoro dukogwa two kunywanisha abenegihugu.

Ku munsi wa mbere, ubutegetsi bwamenyesheje ko bugiye gukura ivyaha ku banyororo 500.

Bwemeye kandi ko bugiye kugirira ikigongwe abanyepolitike benshi kandi ko bugiye kwugara ibohero rizwi cane rya Maekalawi.

Igihugu ca Ethiopia kimaze imyaka irenga ibiri kirangwamwo imyiyerekano y'abagwanya ubutegetsi -- irongowe ahanini n'aba Oromo -- abiha amabarabara bagasaba ubutegetsi guhindura ibitagenda neza birimwo ihonyanga ry'agateka ka zina muntu.