US: Umukozi wa kera wa CIA yagirizwa amabanga abitse

Jerry Chun Shing Lee yatanguye gukorera CIA mu 1994, niko igisata c'ubutungane ca US kivuga Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Jerry Chun Shing Lee yatanguye gukorera CIA mu 1994, niko igisata c'ubutungane ca US kivuga

Umukozi wa kera wo mu kigo c'iperereza "Central Intelligence Agency"(CIA) yafatiwe muri Amerika yagirizwa kuba abitse bidaciye mu mategeko amabanga y'igihugu.

Jerry Chun Shing Lee, afise ubwenegihugu bwa Amerika, yarafungiwe ku kibuga c'indege JFK i New York ku munsi wa mbere, niko igisata c'ubutungane cavuze.

Yakorera CIA hagati yi 1994 ni 2007, igihe aciye aja muri Hong Kong.

Ivyatumye afatwa ngo bifitaniye isano n'itohoza rya FBI, ryatanguye mu 2012, igihe urwego rwa CIA rukorera mu Bushinwa rwasambugwa.

Imyaka ibiri imbere yaho, abasomyi b'urusaku 20 barishwe abandi barapfungwa - buba bubaye ubwa mbere igisata c'iperereza ca Amerika bigitaye ku w'amazi vy'agashinyaguro.

Itangazamakuru rya Amerika ryisunze amakuru aturuka mu bakora itohoza, rivuga ko uwikekwa, Bwana Lee, yoba afasha igihugu c'Ubushinwa.

Ubushinwa bwasambuye CIA mu kwica imihora yo muri Amerika yakuramwo amakuru, niko New York Times yavuze.

Jerry Chun Shing Lee ni nde?

Bwana Lee, azwi kandi kw'izina rya Zhen Cheng Li, yakoze mu gisirikare ca Amerika hagati yi 1982-86, niko amakuru ava mu vyegeranyo vya sentare avuga.

Yatanguye gukora muri CIA mu 1994 nk'umuhinga mu vyo guhererekana amakuru mu kinyegero, kurereka, kurondera abakozi, gukoresha abasomyi b'urusaku no kubahemba.

Yarashizwe ku rutonde rw'abagumyabanga, atera igikumu no ku masezerano yo kutamena ibanga.

Igihe Bwana Lee yava muri CIA mu 2007, "abamuzi bavuga ko yavuye mw'ico kigo c'iperereza ashavujwe nuko akazi kasa n'akarangiye", niko itangazamakuru New York Times rivuga.

Yagirizwa iki?

Ubushikiranganji bw'ubutungane buvuga ko Bwana Lee, 53, yagirizwa kuba " afise bidaciye mu mategeko amabanga yo mu gisata co kwivuna abansi, akaba ashobora gupfungwa ku kiringo c'imyaka cumi igihe yoba yagiwe".

Ntiyagirijwe ugusuma urusaku bihanwa n'igihano c'urupfu - hakaba amakuru avuga ko ubutegetsi bwa Amerika butokwipfuza guserurira amabanga muri sentare canke ko FBI vyayigoye kwegeranya ibirego.

Ivyegeranyo vya sentare nta na hamwe bivuga ko hari imigenderanire Bwana Lee yoba afitaniye n'ubutegetsi bw'Ubushinwa, ariko amakuru yegereye abakora itohoza avuga ko arivyo yoba yikekwako.