Papa asaba ikigongwe ku mabi yakozwe n'abihebeyimana muri Chili

Papa yavuze ko asavye ikigongwe ku mabi yakozwe n'abihebeye Imana Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Papa yavuze ko asavye ikigongwe ku mabi yakozwe n'abihebeye Imana

Papa François yasomye imisa mu ntara ya Auracania mu bumanuko bwa Chili, akarere kagwiriyemwo abasangwabutaka b'aba Mapuche.

Papa yagarutse ku mubabaro hamwe n'akarenganyo bimaze ibinyejana, aca yifatanya n'imiryango y'abaguye mu bwicanyi bwo ku burongozi bwa Jenerali Agostino Pinochet.

Imbere y'urugendo rwiwe, igipolisi kivuga ko amasengero abiri y'abagatolika yaturiwe hamwe na kajugujugu zitatu z'amashirahamwe akorera mu vy'amashamba.

Aba Mapuche -- umuryango munini w'abasangwabutaka -- bamaze igihe bakora imyiyerekano ikaze yo kugaruza amatongo asigwa na ba sekuru babo.

Muri urwo rugendo rwa Papa rw'iminsi itatu, uwo mwungere mukuru wa Ekleziya Gatolika yagiye ashikirizwa ibirego bishingiye ku gitsina vyegekwa ku bihebeyimana.

Mu ntango y'urugendo rwiwe, Papa yavuze ko yumva "ababaye kandi afise n'isoni", kubera ibiterasoni bishingiye ku gitsina, asaba ikigongwe abahitanywe n'ayo mabi.

Yaridogewe n'abanya Chili, mu kuba yafashe ingingo yo guhezagira umusenyeri avugwa ko yakingiye umupadiri yagirizwa amabi ashingiye ku gitsina.