Aba Rohingya bahungiye Bangladesh ntibashaka gusubira i Myanmar

Aba Rohingya bahungiye Bangladesh ntibipfuza guhunguka Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Aba Rohingya bahungiye Bangladesh ntibipfuza guhunguka

Amajana y'aba Rohingya baba mu makambi y'impunzi ku rubibe rwa Bangladesh bariko biyamiriza umugambi wo kubasubiza mu gihugu baje bavamwo ca Myanmar.

Izo mpunzi zaguma ziririmba zisaba ngo zihabwe ubwenegihugu bwa Myanmar n'icemeza ko umutekano wazo uzokomezwa, imbere yuko zisubira mu ntara ya Rakhine.

Ubutegetsi bwa Bangladesh bwavuze ko bumaze gupfundika amasezerano n'ubwa Myanmar yo gutahukana impunzi ibihumbi amajana z'aba Rohingya.

Ukwo guhunga mu kivunga kwatanguye mu kwezi kw'umunani guheze, igihe igisirikare ca Myanmar gitanguriye kugaba ibitero ku bagwanyi b'aba Rohingya batanguye ingwano.

Uguhungura izo mpunzi gutegekanijwe gutangura mu ndwi iza.