Umuntu yapfuye "agonze" indege muri Tanzaniya

Indege ihagurutse ku kibuga c'indege
Image caption Indege ihagurutse ku kibuga c'indege

Umuntu umwe yapfuye mu gihugu ca Tanzaniya inyuma yaho "agonze" indege ihagurutse ku kibuga c'indege ca Mwanza.

Mu makuru yashikirije ku buryo bwa telefone, umwe mu bakozi bo kuri ico kibuga c'indege yabwiye BBC, ko uwo muntu yajabutse aca ku kibuga c'indege aho indege zigurukira, aca ahwana n'indege y'ishirahamwe Fast Jet yarigiye i Dar es salaam.

Igipolisi ca Mwanza kivuga kw'iryo sanganya ryabaye mw'ijoro isaha zitatu z'itariki 17 ukwezi kwa mbere, ko inyuma yo kuguruka umudereva w'iyo ndege yaciye abimenyesha abajejwe kugenzura uruja n'uruza rw'indege bari hejuru mu munara.

Icegera c'umuyobozi w'ishirahamwe rigenzura ibibuga vy'indege muri Tanzania, Richard Mayongela yemeje ivy'iyo mpanuka, yabwiye Radio Free Afrika (RFA) ati: "Naho iyo ndege yagonze uwo muntu tutaramenya izina ryiwe, uravye amategeko umuntu canke ikintu cose kiri mu nzira indege ziguruka zicamwo, bivugwa ko ariwe canke arico cagonze iyo ndege."

Gushika ubu ntawuramenya ingene uwo muntu yashoboye kuba ari muri iyo nzira y'indege, imbere yuko ihabwa uruhusha rwo kuguruka.

Igipolisi ca Tanzania catanguye itohoza ryo kurondera ido n'ido ry'iryo sanganya.

Ikibuga c'indege ca Mwanza cegereye izinga Victoria, kikegerana n'agace abanyagihugu babamwo kandi nta ruzitiro gifise mu gihe kimaze imyaka myinshi gisubigwamwo.