Uganda: Prezida Museveni yiyumvira kugarukana igihano c'urupfu

Prezida Yoweri Museveni wa Uganda Uwufise ububasha kw’isanamu YOWERI MUSEVENI/TWEET
Image caption Prezida Yoweri Museveni wa Uganda

Agenzura ingabo zicungera umutekano w'amabohero ahitwa Luzira Prisons Training Academy , Prezida w'Ubuganda Yoweri Museveni yavuze ko agiye kwisubirako kuho ahagaze ku bijanye n'igihano c'urupfu mu ntumbero yo guhasha ubwicanyi bukogwa mu gihugu.

"Nibaza ko kugira impuhwe cane bivamwo ingorane. Abicanyi biyumvira ko bafise uburenganzira bwo kwica abantu bakiraramira...nibaza ko ngiye kubisubiramwo manike bake. Nzokwisubirako kuho mpagaze."

Uganda ifise ivyaha 28 bihanwa n'igihano c'urupfu, ico gihugu kikaba ica mbere gifise igitigiri kinini c'ivyo vyaha muri Afrika.

Muri kino gihe abanyororo 278 bakatiwe igihano c'urupfu.

Abana, abagore bibungenze hamwe n'abafise ingwara zo mu mutwe ntibafatwa n'ico gihano.

Igihano ca nyuma c'urupfu catanzwe mu 2005.