Nigeria: abanyamahanga bari bafashwe ingwati barekuwe

Abari banyurujwe batowe mu mukwabu w'igipolisi n'igisirikare Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abari banyurujwe batowe mu mukwabu w'igipolisi n'igisirikare

Abanyamirika babiri n'abandi babiri baturuka amuri Canada, bari barafashwe ingwati muri Nigeria, batowe mu gikorwa c'umukwabu w'igisirikare n'igipolsi.

Abo banyamahanga bane bari bafashwe ingwati mu ntango z'iyi ndwi bari mu gikorwa c'umugambi wo gukwiragiza ubuhinga bwo gukoresha inguvu zivuye ku mishwarara y'izuba.

Bari baguye mu mutego mu karere karimwo ishamba ko mu buraruko bw'umuji wa Abuja.

Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Aho Abuja iherereye

Mu kwezi kwa cumi umwaka uheze, hari Abongereza bane bari bafashwe ingwati mu karere ka Niger Delta, umwe arapfa abandi batatu bararekuzwa.