Ingwara ya 'Fievre jaune' yateye mu bumanuko bwa Brezil

Hatanguye isekeza ryo gucandaga ikiza ca Fievre Jaune mu bumanuko bwa Brezil Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Hatanguye isekeza ryo gucandaga ikiza ca Fievre Jaune mu bumanuko bwa Brezil

Abantu 15 barapfuye kuva mu kwezi 12 muri Brezil, kandi mu bice bimwe bimwe vya leta ya Minas Gerais harimwo no ku murwa mukuru wayo Belo Horizonte, hamaze gufatwa.

Hatanguwe igikorwa co gucandaga abantu mu ntara zo mu bumanuko.

Ariko no mu bisagara vya Rio na Sao Paulo haciye hatangura kuboneka imirongo mire mire kubera abantu batinya ko incanco zohava zihera.

Mu gihugu kibanyi ca Argentine, naho nyene habonatse imirongo mire mire mu muji wa Buenos Aires no mu bindi bisagara mu gihe hari ingenzi nyinshi zirondera kuja mw'isabukuru ryo muri Brezil.

Ku munsi wa kabiri niho ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ryatangaza ko ingenzi zija muri Sao Paulo zikwiye kubanza kwicandagisha 'Fievre Jaune' imbere yo gufata urugerndo.

Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Ubumanuko bwa Brezil

Leta ya Minas Gerais niyo yabangamiwe cane aho mu kwezi kwa gatandatu umwaka uheze, abagera ku 475 aribo bamenyekanye ko bafise iyo ngwara nayo 162 bakahasiga ubuzima.

Izo ngingo zo mu bihe bidasanzwe zizohaguma mu kiringo c'amezi atandatu, bikazotuma abategetsi bashobora kugura ibikoresho vya ngombwa no gussaba uburyo bwo gutunganya ibikorwa bikenewe vyihuta mu buvuzi.

Mu bisanzwe OMS igira inama umuntu wese akeneye gufata urugendo ahari iyo ngwara, kwicandagisha iminsi icumi imbere yo gufata urugendo.