Turkiya ikomeza gusatira Afrin

Turkiya yifuza ko aba Kurdes bakurwa ku rubiba ihana na Syria Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Turkiya yifuza ko aba Kurdes bakurwa ku rubiba ihana na Syria

Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya Binali Yildarim yari yabwiye abanyamakuru ko ingabo za Turkiya zirwanira ku butaka zamaze gushika mu gace ka Afrin kari mu buraruko bwa Syria.

Muri ako gace kazungurutswe n'amazi gasanzwe kagenzurwa n'umugwi w'aba Kurdes, ingabo za Turkiya zahashize umuciro wa km 30 uzengurutse akarere bamaze gufata ubu katagiramwo intambara.

Ariko umugwi w'aba Kurdes YPG urahakana ivyo, ukemeza ahubwo ko ingabo za Turkiya zakubiswe.

Mw'ijoro ryakeye, ibisasu vy'ingabo za Turkiya vyaguye ku nkengera z'igisagara ca Killis.

Ubufaransa bwahamagaje inama yihuta y'akanama k'ishirahamwe mpuzamakungu ONU kajejwe umutekano ku kibazo ca Syria.