Abantu 5 bahitanywe na polisi muri Ethiopia

Ethiopia imaze imyaka itatu haba imyiyerekano Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Ethiopia imaze imyaka itatu haba imyiyerekano

Abantu batanu bapfuye abandi benshi bakomeretse igihe hakoreshwa amasasu yica mu bantu bari bakoraniye ahabera ibirori vy'isabukuru y'idini mu buraruko bwa Ethiopia.

Abari muri iyo sabukuru bikekwa ko bariko batera amajambo acafuza leta.

Amabarabara yo mu muji wa Waldiya yari yugawe n'abantu bashavuye cane, ndetse bahagarika n'ibikorwa vy'ubudandaji.

Haheze imyaka itatu hatunganywa imyiyerekano muri Ethiopia.

Ku munsi wa gatatu niho harekurwa abantu bari bapfunzwe barimwo abaharanira uburenganzira, ico kikaba ari kimwe mu vyo abatavuga rumwe na leta basaba.