George Weah ararahirira kuba prezida muri Liberia

George Opong Weah
Image caption George Opong Weah

Abanyagihugu bo muri Liberia bararindiranye igishika iirahizwa rya prezida mushasha w'ico gihugu George Weah.

Bagize igiteramo ku kibuga c'umupira aho uwo munyepolitike yahoze ari umukinyi w'umupira w'amaguru ubu agiye kurahirira kuba prezida w'ico gihugu ca Liberia.

Mu buzima bwiwe akiri muto, George Weah yabaye mu buzima bubi ku mugwa mukuru wa Liberia i Monronvia.

Yarateye imbere mu mupira w'amaguru, aho yakiniye imigwi itandukanye ku mugabane wa Buraya harimwo Chelsea na AC Milan, akaba yaranaronse agashimye ka Ballon d'or.

Ni we munyafrika weneyene amaze gutsindira ako gashimwe gatangwa na FIFA.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Ese George Weah azahirwa muri politike nk'uko yahiriwe mu kibuga cy'umupira w'amaguru?

Weah yinjiye muri politike amaze gusezera mu mupira w'amaguru mu 2002, aho yaciye aba umukenguzamateka.

Yarahiganiwe ikibanza c'umukuru w'igihugu mu 2005, aratsinda umupfasoni Jonhson Sirleaf mu matora ya mbere, ariko aza gutsindwa mu matora agira kabiri, aho we n'abo bari kumwe banse kuyajamwo.

Uwari umumenyereza wiwe mu mugwi wa Monaco wo mu Bufaransa mu myaka ya 90, Arsene Wenger yaratumiwe muri ivyo birori.

Uwo mumenyereza ubu wa Arsenal avuga ko yigeze kwiyumvira ko umusi umwe George Weah ashobora kuzoba prezida.

Uwo ni we George Opong Weah uyu musi aza kurahirira kurongora igihugu ca Liberia.