Amerika yashinze amakori mashasha ku bintu biva mu Bushinwa na Korea

Chinese man carrying solar panel Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubushinwa na Korea y'epfo bishuye bashavuye kuri iyo ngingo

Amerika yemeje ayo makori ateye impari ku mashini zimesa no ku vyuma vyakira imishwarara yizuba bikoreshwa mu kwatsa amatara.

Iyo ngingo ijanye na politike ya prezida Trump yo gushira imbere ubwa mbere Amerika mu rudandaza, ifise intumbero yo gukingira amahinguriro yo hagati mu gihugu mu guhiganwa y'ayo mu makungu.

Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu yavuze ko u butegetsi boshobora " gukingira abakozi, abarimyi hamwe n'abagwizatunga".

Ariko Ubushinwa na Korea bizogirwako ingaruka mbi n'iyo ngingo vyayinebaguye.

Abategetsi ba Amerika bavuga ko izindi ngingo zo guherekeza iyo yafashwe zishobora gukurikira.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Trump yari yavuze ko azofata ingingo kua ashikiriye ubutegetsi, mw'ijambo ryiwe rya mbere ashikiriye ubutegetsi haraciye umwaka yariyemeje gukingira imbibe za Amerika ibindi bihugu "bisubiramwo ivyo duhinguye, abiba amakompanyi yacu n'abatwara ubuzi bwacu".

Izo ngingo ziza kubonwa nk'iza mbere zikomeye kuva prezida afashe ingingo yo gukura Amerika mu mugambi wa Trans-Pacific (TPP) no kuganira bushasha ku masezerano ya North American Free Trade Agreement (Nafta).