Umuganga w'umugwi wa olempike wa Amerika yaciriwe igipfungo

Larry Nasser, umuganga yahoze akurikirana umugwi wa olempike wa Amerika
Image caption Larry Nasser, umuganga yahoze akurikirana umugwi wa olempike wa Amerika

Umuganga yahoze akurikirana amagara y'umugwi wa olempike Larry Nasser yaciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka 175 inyuma yo kwagirizwa gusambanya abakobwa b'abanonotsi bari muri uwo mugwi.

Muri urwo rubanza abamwagiriza 160 berekanye ikivyemeza mu gihe Nasser wewe yemera amakosa 10 gusa.

Yari asanzwe ari mw'ibohero ku caha co gusanganwa amafoto y'abana bariko barasambanywa aho yari yaciriwe imyaka 60.

Umucamanza Rosemary Aquilina yabwiye sentare ko anezerejwe cane n'urubanza aciriwe kubera ivyo Nasser yakoze kandi ko yipfuza ko coba icirwa no ku bandi.

'Nshaka ko uguma mw'ibohero ubuzima bwawe bwose'. Inyuma y'urwo rubanza, umwe mubakorewe icayi yavuze ahimitse ko abafashanije n'uwo muganga na bo nyene bakwiye kubihanirwa.

Umwanya muto inyuma yo gucibwa ico gihano, uwurongoye kaminuza ya Michigan (MSU), aho Nasser yaranguriye imirimo hagati y'umwaka wa 1997 na 2016, yaciye atanga imihoho.

Lou Anna Simon yari amze imisi asabwa gukinjura.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Lou Anna Simon yari amze imisi asabwa gukinjura.

Umupfasoni Simon yarahakanye yivuye inyuma ko MSU itigeze imenya iyerekeye ivyo bikorwa bigayitse ariko ko yananiwe no gufata ingingo.

Mw'itangazo yatanze yavuze:"Kubakorewe ivyo, ugusaba ikigongwe kwanje ntigikwiye, ko umuganga yemewe n'amategeko ashobora gukora ibintu nk'ivyo, akwonona abantu yitwaje kubavura."