Ubufaransa: Uruzi La Seine ruteye umwitwarariko ukomeye

Uburebure bw'amazi bwaduze, hano uruzi La Seine ruca munsi y'ikiraro Pont de l'Archevêché Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Uburebure bw'amazi bwaduze, hano uruzi La Seine ruca munsi y'ikiraro Pont de l'Archevêché

Abafise amazu hamwe n'amaduka ku nkengera z'uruzi La Seine mu gisagara ca Paris bagabishijwe, mu gihe urwo ruzi rushobora gusesa isaha iyariyo yose.

Zimwe mu nyubakwa zo mu kuzimu zo mu gisagara ziramaze gushikigwa n'amazi, inyuma yaho urwo ruzi rwuzuriye bitewe n'imvura nyinshi yaguye, niko amakuru avuga.

Vyitezwe ko La Seine rwuzura cane mu mpera z'ino ndwi ku metero nyinshi, ugereranije n'aho rwari rusanzwe rugera.

Amabarabara menshi yo muri ako karere yamaze kurengegwa n'amazi, amato aca kuri urwo ruzi atwaye ingenzi akaba yahagaritse ingendo.

Amazi y'urwo ruzi ategekanywa kuduga gushika ku metero zitandatu, rukaba ruzoba rwiyongeye imetero zine kuho rwari rusanzwe rugera.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Inzira zica ku nkengera y'uwo ruzi zarengewe n'amazi

Amezi y'ukwa 12 n'ukwa 1 ni aya gatatu yaranzwemwo imvura nyinshi, nkuko ikigo c'Ubufaransa kibura ibihe kivuga.

Umukuru w'igisagara ca Paris, Anne Hidalgo yavuze ko igisagara kiriko kiragwana n'ikibazo c'ihindagurika ry'ibihe, mu gihe iyo myuzure yadutse haheze igihe ubushuhe bwo mu ci buhavuye.

Yagabishije avuga kw'iyo myuzure izogumaho no mu ndwi iza.