Ibikinisho vy'abana vyakoze bishobora kubangamira ubuzima

Abahinga basuzumye ibikinisho 200 vyakoze mu bumanuko bushira uburengero bw'Ubwongereza Uwufise ububasha kw’isanamu ANDREW TURNER
Image caption Abahinga basuzumye ibikinisho 200 vyakoze mu bumanuko bushira uburengero bw'Ubwongereza

Ibikinisho vy'abana bikozwe muri kawucu vyakoze kenshi ngo bishobora kubangamira ubuzima bw'abana babikoresha, mu gihe bitaba vyasuzumwe imbere yuko bitangwa, ni ivyatowe mu cigwa cakozwe.

Abahinga basuzumye ibikinisho 200 vyakoze, basanze mu bigo bireregwamwo abana, imangazini zigurisha ibintu vyakoze hamwe no mu mazu y'abantu mu bumanuko bushira uburengero bw'Ubwongereza, babisangako ubumara bushobora kubangamira ubuzima bw'abana.

Ibikinisho 20 vyasuzumwe vyariko ubwo bumara.

Dr Andrew Turner wo kw'ishuli kaminuza ya Plymouth, avuga ko ibikinisho vyo muri kino gihe bidasuzumwa ariko abantu bagapfa kubitanga.

Dr Turner n'umugwi wiwe bakoresheje "Rayons-X" kugira basuzume ivyo bikinisho vyari bigizwe n'imiduga, itereni, ibitigiri hamwe n'ibikinisho ugenda urafatanya uronderamwo igishusho.

Avuga ko babisanzeko ubumara bwa antimoine, barium, bromine, cadmium, chrome, plomb na selenium.

Ubwo bumara ngo burashobora kubangamira ubuzima bw'abana iyo babikinishije igihe kirekire.

Mu gihe abo bana ngo boba bashize ivyo bikinisho mu kanwa, ngo bashobora kwandura ubumara bwinshi.