Ubushinwa buhakana gusuma urusaku kw'ishirahamwe Nyafrika

Le Monde kivuga ko ubushinwa busuma urusaku ku biro vy'ishirahamwe Nyafrika, ariko bwo buvuga ko ivyo bitagira epfo na ruguru Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Le Monde kivuga ko ubushinwa busuma urusaku ku biro vy'ishirahamwe Nyafrika, ariko bwo buvuga ko ivyo bitagira epfo na ruguru

Igihugu c'Ubushinwa cahakanye amakuru yasohowe n'ikinyamakuru co mu Bufaransa, Le Monde, avuga ko Ubushinwa busuma urusaku ku biro bikuru vy'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika muri Ethiopia.

Iyo nyubakwa y'amagorofa mirongo ibiri, ifise agaciro k'imiriyoni amajana abiri z'amadolari, ikaba ari impano y'Ubushinwa kuri Afrika, yuguruwe mu 2012.

Nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Le Monde, abakozi bo muri iyo nyubakwa basanze mu myaka itanu iheze, amakuru yararungikwa mw'ijoro muri za nyabwonko ziri i Shanghai.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Iyo nyubakwa y'amagorofa mirongo ibiri, ifise agaciro k'imiriyoni amajana abiri z'amadolari, ikaba ari impano y'Ubushinwa kuri Afrika, yuguruwe mu 2012

Ayo makuru yamenyesha Ubushinwa amabanga y'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika, umunsi ku munsi.

Uwuserukiye Ubushinwa mw'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, yavuze ko ibivugwa muri iyo nkuru ari ugukavya, biteje isoni kandi ko bitagira epfo na ruguru.

Soma kandi:

Igihugu c'Ubudage cagiriza Ubushinwa kugisumako urusaku

Ubushinwa bwafunze ikigo kigisha abagore kubaha abagabo

Ubushinwa bugiye kugabanya imodoka zikoresha lisansi

Ibindi bisa n’ibi