Imibare ishobora kwerekana igihe uzopfira - ikora gute?

Umuntu afashwe n'umutima Uwufise ububasha kw’isanamu iStock
Image caption Ibiharuro bishobora kwerekana nimba umuntu aza gufatwa n'umutima canke kunanirwa guhema, hasigaye amasaha atandatu ngo bibe

Abajejwe intwaro muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bemeje ikoreshwa ry'ubuhinga bwa mudasobwa bwihweza ibimenyetso umurwayi afise bukerekana nimba ashobora kugwa bukwi yishwe n'umutima canke kubura impemu.

Bivugwa ko ubwo buhinga bushasha bushobora gutuma ubuzima bw'abantu ibihumbi burokorwa.

Ibaze iyo biba bishoboka ukamenya ko uza gufatwa n'umutima hasigaye amasaha menshi ngo bishike.

Uvyiyumviriye bisa nk'ubufindo budashoboka, siko?

Birashoboka, ariko ni ku barwayi bamwe gusa mu bitaro vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ikigo co muri Amerika kijejwe ibifungurwa n'itangwa ry'imiti, FDA, caremeje ikoreshwa ry'ibiharuro rya mbere rishobora kubuza urupfu rw'umuntu ruje giturumbuka kubera umutima canke kunanirwa guhema.

Kumenya ko haza kuba amahano

Ni ubuhinga bwa mudasobwa bwihweza amakuru avuye ku barwayi mu bitaro bugaca bwerekana ko bashobora gushikirwa n'ivyo vyago hasigaye amasaha atandatu ngo bibe, bugatabaza abaganga n'abaforoma.

Lance Burton, ni umuyobozi mukuru w'ikigo c'ubuhinga bwa none, ExcelMedical, cazanye ubwo buhinga.

Agira ati "Ibisata vy'amagara muri iki gihe bifise ikibazo gikomeye kuko abantu bararamba ariko kandi bakagira indwara z'urutavanako.

"Vyongeye abaganga benshi bafise uburambe n'ubuhinga bariko barasaza bakaja mu zabukuru.

"Abarwayi barasuzumwa, ariko kenshi abaganga n'abaforoma bagira ico bakora iyo ibara riguye, ntibagikora imbere"

Ukuri ni uko ibitaro vyinshi bidafise abakozi bakwiye bo kwita ku barwayi bose. Naho hoba hari abantu ata kindi bakora atari ugutororokanya ibimenyetso ngirakamaro, biragoye kugira bamenye hakiri kare ikibazo coshika ico arico.

Uwufise ububasha kw’isanamu iStock
Image caption Ibiharuro vyihweza amakuru yose atangwa n'ivyuma birereka amagara y'umurwayi biba bimucometseko - nta bindi bikoresho bikenerwa

Buton yavuganye n'igisata ca BBC Mundo agira ati "Twebwe abantu ntidushobora kwihweza ibipimo vyose bivuye ku murwayi, kandi biragoye cane kumenya igihe umurwayi aza kurembera."

Ubuhinga bw'ibiharuro bwakozwe na ExcelMedical bwitwa WAVE Clinical Platform, bukihweza ibipimo bivuye ku murwayi "bukabona amakuru adashobora kubonwa n'amaso y'umuntu".

Ikintu ca gatu mu biteza impfu z'abantu nyinshi

Nk'uko bivugwa n'icigwa co muri Kaminuza ya Johns Hopkins, nka 10% vy'impfu z'abarwayi muri Amerika ushobora kuvuga ko ziterwa n'amakosa mu buvuzi.

Izi mpfu zitari zitezwe kandi zishobora gukumirwa ziza ubugira gatatu mu mpfu zihitana abantu muri ico gihugu.

Abakoze ubuhinga WAVE bemeza ko impfu z'abantu bashika ibihumbi 250 zishobora gukumirwa.

Nk'uko bishikirizwa na ExcelMedical, ubu buhinga buroroshe cane gukoresha: ntibukenera ivyuma vyihariye canke vy'inyongera. Bukoresha ivyuma vyo gusuzuma bisanzwe biri henshi mu bitaro.

Kugabisha

Ubwo bihunga bwihweza ibintu bitanu bikurikira: gutera kw'umutima, umurindi wo guhema, umurindi w'amaraso, ubushuhe bw'umupiri hamwe n'impemu za oxygene uko zingana.

Ikoresha uburyo bwa app kuri telefone ngendanwa y'umuganga, tablette canke mudasobwa isanzwe. Umuganga aca ashobora kuraba uko umurwayi amarewe naho yoba atamuri hafi.

Uwufise ububasha kw’isanamu ExcelMedical
Image caption Abakozi mu vy'amagara bashobora kurereka ibimenyetso vy'umurwayi bakoresheje telefone ngendanwa canke mudasobwa, aho bari hose.

Ariko akarusho gakomeye kazanywe na Wave ni ubuhinga bw'ibiharuro buzwi nka Visensia Safety Index.

Nibwo bwa mbere nk'ubu bwemejwe n'ikigo FDA, bukora mu kwihweza ibipimo vy'umurwayi hamwe no kwerekana uko ashobora gukomererwa kuva ku rugero rwa 0 gushika kuri 5.

Basanze umurwayi ari ku rugero rurenze 3, ubwo buhinga buca burungikira abaganga ubutumwa butabaza.

Uwufise ububasha kw’isanamu ExcelMedical
Image caption Buri gakwadarato kerekana umurwayi. Igitigiri, caharuwe n'ubuhinga, kiva kuri 0 gushika kuri 5, kikerena urugero rwo gukomererwa. Hejuru ya 3, igitigiri gica kigira ibara ritukura, ubuhinga bugaca burungika ubutumwa.

IGERAGEZA RYAGENZE NEZA

Amagerageza yatunganijwe na ExcelMedical kuri kaminuza ya Pittsburgh Medical Center yafashwe nk'ayagenze neza cane: mu kiringo c'indwi umunani, nta mpfu zitari zitezwe zashitse ku barwayi basuzumwa n'ubuhinga bwa WAVE.

Mu mugwi w'abarwayi basuzumwa hakoreshejwe ubuhinga busanzwe, batandatu barapfuye.

Ariko naho ubwo buhinga butanga icizere, WAVE gushika ubu ishobora gukoreshwa gusa mu gisata kivura abaremvye cane.

Ikibazo ku bahinga ni ico gukora ubuhinga bwobuza impfu zitewe n'umutima hamwe n'amahemero mu banyagihugu bose.

Iyindi nzitizi ni uko WAVE idashobora kwihweza ibijanye n'impanuka zo mu bwonko (stroke) kimwe mu bihitana abantu benshi hamwe no kubamugaza kw'isi.

Izindi nzego

Burton kandi yongerako yuko atari abarwayi bose bagaragayeko ikibazo hakoreshejwe ubu buhinga, bashobora kurokorwa.

Agira ati "Hari abarwayi bashika kwa muganga tukaba tuzi yuko bataza gukira."

Uwufise ububasha kw’isanamu iStock
Image caption Ubu buhinga ni ubwo kurokora abahuye n'ibibazo bitari vyitezwe - ariko si bose bazokwunguka

"Tugamije gufasha ku buryo bwihariye abashobora gupfa bitari vyitezwe, nk'abaremba cane kubera kubagwa kwagoranye, canke ingaruka zitewe n'imiti bafashe."

Ubuhinga bwa WAVE ntibushobora kwizeza ukudapfa. "Indwara yonyene idashobora gukira ni ubuzima."

Ariko abayobozi bavuga ko iki kigo kiriko kirakora mu ntumbero yo gutunganya ibindi biharuro bishobora gutahura no gukumira ibindi biteza impfu.

Burton asigura ati "Igikorwa kizokurikira kirimwo septicaemia (uburwayi buterwa n'agakoko kanduza amaraso)", akavuga ko ubwo bwandu bufata abantu imiriyoni 20 ku mwaka, bugahitana imiriyoni 8 muri bo.

Ibindi kuri iyi nkuru