Arabia Saudite yagaruje miliyari 106 z'amadolari

Abo bantu bakomeye bari bafungiwe muri hoteli yitwa Ritz-Carlton iri i Riyadh. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abo bantu bakomeye bari bafungiwe muri hoteli yitwa Ritz-Carlton iri i Riyadh.

Leta ya Arabia Saudite iravuga ko yagaruje amafaranga arenga miliyari 106 z'amadolari yari yarazimiriye muri ruswa.

Yavuye mu bikomangoma, abanyapolitike n'abandi banyemari b'abaherwe bari batawe muri yombi bagafungwa mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igikomangoma, Mohammed ben Salman, aherutse gutangiza gahunda nshya zo kurwanya ruswa.

Ingano y'amafaranga yose irimo n'imitungo, ndetse n'indi migabane y'imari.

Abari bafungiwe muri hoteli y'igitangaza I Riyadh bose barafunguwe usibye 60 muri bo.

Bafunzwe ku mabwiriza y'igikomangoma, Mohammed ben Salman, nyuma yo gutangiza gahunda nshya zo kurwanya ruswa.