Hari televiziyo zicugawe muri Kenya kubera irahira rya Odinga

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati Fred Matiangi avuga ko televiziyo zizoguma zugaye gushika itohoza rirangiye Uwufise ububasha kw’isanamu KTN
Image caption Umushikiranganji w'intwaro yo hagati Fred Matiangi avuga ko televiziyo zizoguma zugaye gushika itohoza rirangiye

Ibigo vyinshi vya Televiziyo biracugaye inyuma yaho igipolisi kivyugariye ku munsi wa kabiri vyagira bitangaze amakuru ajanye n'ukurahira kwa Raila Odinga nka prezida.

Ivyo birori vyafashwe n'ubutegetsi ko ari nko guhemuka, buca bubuza ko vyerekanwa mu kuzimya amwe mu ma televiziyo.

Amashirahamwe agwanira agateka ka kiremwa muntu yariyamirije iryo yugara ry'ivyo bigo vy'itangazamakuru.

Ikigo giharanira agateka ka kiremwa muntu "Human Rights Watch" (HRW) kivuga ko ubutegetsi bwa Kenya bwahonyanze agateka k'abanyagihugu ko kuronswa amakuru mu bihe bihambaye.