ONU isaba amakungu gutabara impunzi z'Abanyesudani y'epfo

Impunzi z'Abanyesudani y'epfo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umwumvikano muke muri politike ya Sudani y'epfo niwo wakweze ikibazo

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riragabisha rivuga ko vyihuta kwicarira ikibazo c'impunzi zituruka muri Sudani y'epfo, kiri mu bihanze Afrika muri kino gihe.

Umukuru w'igisata ca ONU kijejwe impunzi, Filippo Grandi, yateye akamo amakungu ku mfashanyo y'imiliyardi zitatu z'amadolari ya Amerika zikenewe mu gufasha hafi imiliyoni indwi z'abantu.

Uno munsi yagendeye ikambi y'impunzi iri mu gihugu kibanyi ca Kenya, i Kakuma, mu buraruko bw'ico gihugu.

Hafi umuntu umwe kuri batatu barataye ingo zabo muri Sudani y'epfo.

Image caption Umukuru w'igisata ca ONU kijejwe impunzi, Filippo Grandi, asaba amakungu guterera imiriyaridi zitatu z'amadolari

Ingwano yadutse kubera umwumvikano muke hagati ya Prezida Salva Kiir hamwe n'uwo bari bacuditse kera Riek Machar, igeze ku mwaka wa gatanu.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yavuze ubu bwa vuba ko atari bwabone abanyepolitike b'incabwenge batitaho ubuzima bw'abanyagihugu babo.

Imigwi ishamiranye yagirizwa ivyaha vyo mu ngwano muri Sudani Yepfo

Isubukurwa ry'imirwano muri Sudani yepfo