Uwagavye igitero c'umuduga ku Baislamu yahamijwe icaha

Umuduga wakoreshejwe na Darren Osborne mu kugaba igitero ku ba Islam i London Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Darren Osborne yishe umuntu umwe akomeretsa icenda akoresheje umuduga utwara ibintu (van)

Sentare mu Bwongereza yahamije umugabo icaha co gushaka kwica, nyuma yo kwahurira umuduga ku mugwi w'Abaislamu bari hanze y'umusigiti mu muji wa London.

Darren Osborne ico gihe yishe umuntu umwe akomeretsa abandi icenda muri ico gitero, abashinjacaha bakavuga ko cari igikora c'iterabwoba.

Sentare yabwiwe ukuntu Osborne yarondeye uburyo bwo gukoresha abicishije kuri internet avugana n'imigwi y'intagondwa zanka abanyamahanga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ico gitero cariyamirijwe cane

Abashinjacaha bemera ko yabitewe no gushaka kwihora ku bitero vya ki Islam mu Bwongereza.

Ikindi naco ngo yaravye ikiganiro kuri television cerekeye abagabo b'Abaislam bahohoteye abana b'abakobwa b'abazungukazi.