ONU: Korea ya ruguru yararenze ku bihano yafatiwe

Panama-flagged ship suspected of transferring oil products to North Korea in violation of sanctions, in the sea off Pyeongtaek, South Korea, 1 January 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igenzurwa ry'amato ryarongerekanye ariko Onu ivuga ko bikwiye kurushirizaho

Abahinga ba Onu bavuga ko ibintu bibujijwe ko Korea ya ruguru ishorera mu makungu yavyungutsemwo amadolari yababa imiliyoni 200 z'amadolari.

Ico cegeranyo c'abahinga ba Onu kivuga ko ibihugu vyinshi harimwo Ubushinwa, Uburusiya na Malaysia vyananiwe no guhagarika urwo rudandazwa.

Bivugwa ko hari ibigaragaza ko hariho ubucuti bwa gisirikare ya Korea ya ruguru n'ibihugu vya Syria na Myanmar.

Korea ya ruguru yarafatiwe ibihano na Amerika, Onu hamwe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, kubera umugambi wayo w'ibigwanisho ruhonyanganda.

Amerika isaba ibihugu vya Afrika kuvavanura na Korea ya Ruguru

Ariko ico cegeranyo cashikirijwe akanama ka Onu kajejwe umutekano, kivuga ko Korea ya ruguru " yabandanije gushore nk'ibintu vyose vyahagaritswe mu ngingo za Onu... hagati y'ukwezi kwa mbere n'ukwezi kw'icenda 2017".

Ico cegeranyo kivuga ko amashirahamwe menshi atavuzwe amazina adandaza ibitoro ariko aragirwako amatohoza ku ruhara yoba yaragize mu kugishorera muri Korea ya ruguru.

Bivugwa ko ubwato bwajanye amakara mu Bushinwa, Malaysia, Korea y'epfo, Uburusiya hamwe no muri Vietnam, harenzwe ku masezerano kandi hakoreshejwe " amayeri menshi, inzira hamwe n'ayandi manyanga".

Trump yagiriza Ubushinwa guha ibitoro Korea ya Ruguru

Uwo mugwi w'abahinga kandi bagiriza Korea ya ruguru " gukoresha bigo bitanga ibitiro kw'isi, ku banyamahanga bafitaniye ubucuti , amakompanyi y'ibitoro, hamwe n'ubuhinga mpuzamakungu bw'amabanki".

Abaserukira Ubushinwa muri Korea ya ruguru barahakana kurenga ku bihano vya Onu, ariko mw'itangazo basohoye bavuze ko ivyo bihugu bibiri bibanyi vyagumanye " ihanahana ry'ibidandazwa bisanzwe".

Rivuga ko ibifungurwa, ivyamwa hamwe n'ibikoresho vyo mu nzu biva mu Bushinwa bibandanya kugurishwa muri Korea ya ruguru.