Zuma yarahiriye ANC ko atagenda yemeye gutanga imihoho

Abiyamiriza Prezida Zuma Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hanabaye imyiyerekano yo gusaba Zuma gukinjura, haba n'iyindi y'abamushigikiye

Umukuru w'igihugu wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma, abandanije guhimirizwa gutanga imihoho mu gihe abagumyabanga b'umugambwe uri ku butegetsi, ANC, bari mu nama yihutirwa kuri kazoza kiwe.

Bivugwa ko abakuru b'umugabwe bashaka ko bwana Zuma ava ku butegetsi imbere yuko hashikirizwa ijambo mu nama nshingamateka ku kuntu igihugu cifashe, kuwa kane.

Yanse gutanga imihoho nk'uko abisabwa kubera ivyagiriji vy'igiturire, kuva aho atakarije uburongozi bwa ANC mu kwezi kwa cumi na kabiri, bukegukira Cyril Ramaphosa.

Bwana Zuma yamye mu mubonano n'umwami w'Abazulu, Goodwill Zwelithini.

Ibiro vyiwe vyashimangiye ko uwo mubonano wari usanzwe, ariko vyavuzwe ko umwami ashobora kwongera ijwi mu yasaba bwana Zuma gukinjura.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Jacob Zuma abonana n'umwami kama w'Abazulu, Goodwill Zwelithini, mu 2016

Kahise k'ubutwari

Bwana Zuma yamaze igihe apfunzwe kubera ukugwanya intwaro y'agahotoro ya apartheid, agira arangize ikiringo ca kabiri kandi ari naco ca nyuma ku butegetsi.

Ku burongozi bwiwe, ubuzi bwa leta bwariyongeye, ikiza ca Sida gisubira hasi, imigambi yiwe mu vy'iterambere irashigikigwa n'abanyepolitike.

Uburongozi bwiwe bwiciwe n'ivyo aregwa ku biturire bituma icegera ciwe ariwe atogwa ku burongozi bwa ANC mu kwezi kwa 12.