Uwuregwa iterabwoba yiyamirije "gufatwa nabi" kw'Abaislam

Abdelslam ayoberanije mu maso yicaye, akikujwe n'abapolisi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abdeslam ntiyemera uruhara mu bitero i Paris na Buruseri, akaniyamiriza ifatwa nabi ry'Abaislam

Uwusigaye mu bakekwa igitero c'iterabwoba cahitanye abantu 130 i Paris mu Bufaransa mu 2015, yarengutse imbere ya sentare mu Bubirigi yagirizwa kurasana n'abapolisi kwabaye haciye amezi ane.

Salah Abdeslam yanse guhagarara muri sentare, kandi ubu hoho yavuze, akaba yiyamirije ukuntu "Abaislam bafatwa nabi".

Abapolisi batatu bararashwe barakomereka mu kwagatatu 2016 bari mu gikorwa ca gusaka inzu mu muji wa Buruseri.

Uwari yitwaje inkoho yararashwe arapfa, ariko abashinjacaha bavuze ko Abdeslam hamwe n'uwundi agira kabiri yari yitwaje inkoho, Sefien Ayari, batorotse baciye hejuru y'inzu baza gufatirwa ahandi mu muji.

Abashinjacaha bavuga ko Abdeslam yafashije cane Ayari, nawe akaba ahakana ko yoba yararashe.

Abashinjacaha bo mu Bufaransa bavuga ko Abdeslam yagize uruhara mu gitero c'inkoho n'ibisasu cahitanye abantu ijana na mirongo itatu i Paris.

Azokwumvirizwa kuri ivyo mu nyuma, bikavugwa ko abo akorana nabo bagavye igitero i Buruseri amaze gufatwa, bica abantu mirongo itatu na babiri.