Sentare ya gisirikare yakatiye "intagondwa" igihano c'urupfu muri Somalia

Ikamyo yuzuye amabombe yishe abantu 500 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ikamyo yuzuye amabombe yishe abantu 500

Sentare ya gisirikare ya Somalia yakatiye igihano c'urupfu umugabo yikekwa kuba inyuma y'igitero ca bombe cahitanye abantu benshi mu kwezi kwa cumi kurangiye.

Ico gihe niburiburi abantu 500 barapfuye igihe ikamyo yuzuye ibibombe itutikiye mu mugwa mukuru Mogadishu.

Naho ata mugwi wigeze wemanga ico gitero, leta yo yemera ko cakozwe n'umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu al-Shabab.

Uwo mugabo w'imyaka 23 akurikiranwa yagirizwa kuba umuyoboke wa al-Shabab, akaba ngwari we yoba yararongoye akagwi kateguye ico gitero ca bombe.

Uwundi yikekwa atawuzi irengero ryiwe, yakatiwe atitavye igihano co gupfungwa ubuzima bwose mu gihe umugabo agira gatatu nawe yaciriwe gupfungwa imyaka itatu.

Abandi babiri bari biketswe bararekuwe ku kubura ivyagiriji.

Ico gitero carateye umubabaro mu banyagihugu bidogeye leta kudashobora kugihagarika.

Iyo myidogo y'abanyagihugu isa n'iyatumye ubutegetsi bwikubita agashi kubera ko bwateye intambwe mu kwicarira imanza z'abikekwa.

Muri Somalia ibisasu vyahitanye benshi i Mogadishu

Somalia yirukanye abategetsi kubera ibitero