Ethiopia yagiriye ikigongwe abanyororo 700

Abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Oromo ari nabwo bunini mu gihugu, nibo baja imbere muri iyo myiyerekano Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Oromo ari nabwo bunini mu gihugu, nibo baja imbere muri iyo myiyerekano

Ikigo c'itangazamakuru ca leta co muri Ethiopia cavuze ko abanyororo barenga 700 bagiriwe ikigongwe, bakaba barimwo umumenyeshamakuru akomeye Eskindr Nega.

Bwana Nega yari yakatiwe igipfungo c'imyaka 18 mu 2012, yagirizwa kuba yarenze amategeko agenga ivy'iterabwoba.

Ubutegetsi bwa Ethiopia bwaheruka kumenyesha ko bugiye kugirira ikigongwe ibihumbi vy'abanyepolitike n'abaharanira amateka.

Umunyapolitike ari mu mugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi "Unity for Justice and Democracy Party", Daniel Shibeshi nawe nyene yigeze gupfungwa, yavuze ko abanya Ethiopia benshi biruhukije.

"Abanyagihugu bamye babisaba. Si vyo leta yashaka kugira. Leta yabarekuye kuberako harico ibikuramwo. Twamye turindira ano makuru, ahubwo vyaranatevye. Bavuze ngo abantu 700 bagiriwe ikigongwe, turashobora vyukuri kwiruhutsa."

Benshi muri abo bantu bagiriwe ikigongwe, bafashwe mu myaka itatu imyiyerekano y'abadashigikiye ubutegetsi yamaze.