Ibikorwa vya reta vyahagaze muri Amerika

Ibikorwa vya reta vyahagaze kandi muri Amerika
Image caption Ibikorwa vya reta vyahagaze kandi muri Amerika

Ibikorwa vya reta vyahagaze muri Amerika inyuma y'aho inama nshingamateka inaniriwe kwemeza ingingo y'amahera reta izokoresha mu gihe gitegekanijwe n'amategeko.

Abashingamateka bari biteze ko bemeza iyo ngingo nshasha imbere y'umwanya wari utegekanijwe kugira bayemeze.

Ariko umukenguzamateka w'abarepublicain Rand Paul yaburijemwo ico cizere igihe yahamagaza ibiganiro mu nama nshingamateka yo gusubiramwo uko amahera azokoreshwa.

Mu kwezi kwa mbere, ukunanirwa kwumvikana ku mahera azokoreshwa na reta mu gihe gitegekanijwe n'amategeko vyatumye reta ibura amahera yo gukoresha imisi itatu.

Abakozi basabwe gukurikira amakuru kugira bamenye ryari bazogaruka ku kazi.

Ni ngombwa ko abashingamateka n'abakenguzamateka bemeza ayo mahera agiye gukoresha mu myaka ibiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imfungurwa ziriko zirjanwa mu nama nshingamateka mu gihe hari hitezwe ko abategetsi bashobora kumarayo ijoro ryose.

Uko kunanirwa kwumvikana kwashitse isaha imwe imbere y'uko inama irangira.

Ariko n'aho bacerewe, vyitezwe ko inama nshingamateka itora kw'ikoreshwa ry'amahera ya reta.

Ntawuzi uko inama ibandanya n'ingaruka bigiye kugira ku bikorwa vya reta.

Nta tegeko na rimwe inama nshingamateka izotora gushika igihe inama nkenguzamateka izoba yemeje ayo mahera reta itegerezwa gukoresha.

Iyo ngingo izotuma amahera reta izokoresha yongerekana gushika ku miriyaridi 300 z'amadolari - ivyo umukenguzamateka Paul avuga ko adashobora gushigikira.

Image caption Uko amahera ya reta ategekanijwe gukoreshwa muri Amerika